Amakuru
30 août 2022

Kwubaka kijambere Gitega n’inkengera za Tanganyika biri mu migambi yahawe igihugu c’Ubuyapani

Ibarabara rinini rifatanya Bujumbura na Gitega, kwubaka kijambere umurwa mukuru wa politike n’ingene inkengera z’ikiyaga Tanganyika zokoreshwa kugira zikwege ingenzi. Iyo ni imwe mu migambi umukuru w’Igihugu n’abamuherekeje batanze ku Buyapani. Ivyo Evariste Ndayishimiye yabimenyesheje ku munsi wa mbere atashe avuye mu nama igira umunani yahuje igihugu c’Ubuyapani n’ibihugu vya Afrika yabereye muri Tuniziya. Umukuru w’Igihugu akaba yemeje ko iyo migambi yakiriwe neza.