Inama nkuru y’igihugu y’umutekano irasigura ivyatumye leta y’Uburundi irungika ku mugaragaro abasirikare mu gihugu ca Congo. Ku bwa colonel Pierre Claver Nzisabira, umunyamabanga ntayegayezwa w’iyo nama, ni ukugira batuze imirwi yitiriwe iy’iterabwoba, harimwo iy’Abarundi, iri muri Kivu y’Epfo. Yongera avuga ko ari mu kurindira ko harungikwayo intwazangabo z’akarere ka Afrika y’ubuseruko aho nyene muri Congo. Yabivuze inyuma y’aho abagize iyo nama babonaniye ku munsi wa kabiri.
Amakuru
25 août 2022