Amakuru
20 août 2022

Imbere yo gukura agatotsi mw’ijisho ry’umubanyi, Uburundi ni bukure ikigiga mw’ijisho ryabwo

Uburundi bwari kwihutira gutorera umuti ibibazo vyabwo, ha kwihutira kurungika ingabo gufasha muri Congo. Bivugwa na Jean Chrysostome Kijana, arongoye ishirahamwe ry’abadaharanira ivyicaro vya politike NDSCI. Biri mu kiganiro yahaye Télévision Renaissance kuri uyu wa 18 Myandagaro, iminsi ibiri inyuma y’irungikwa ry’ingabo z’Uburundi muri Congo. Yanahamagariye Abanyecongo kureka kuzera inze ubwabo bagafata mu minwe kazoza k’igihugu cabo.