Amakuru
16 août 2022

Kwugurura amasoko yo kuvunja, ni nko kwugurura amasoko y’urumogi

Gutanga ubwigenge ku mabanki y’ubudandaji ni wo muti wo kwugurura ibiro vyo kuvunja amafaranga yo hanze. Ni ivyavuzwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Hari ku wa gatanu uheze aho yariko arasozera umwiherero n’abarongoye imigambwe. Kuri we, kureka amasoko yo kuvunja atemewe n’amategeko agakora, ni nko kwugurura amasoko y’urumogi.