Amakuru
11 août 2022

Ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mw’ishingurwa ry’ibitabo mu gisagara ca Bujumbura

Umugambi wo kubika mu buhinga bwa none impapuro n’ibitabo bibitswe mu biro vy’igisagara ca Bujumbura, ugiye kuja mu ngiro vuba. Ku bwa Sylvane Bamvumiragiye, umuyobozi ajejwe igisata c’intwaro mu gisagara ca Bujumbura, ngo imyiteguro igeze kure kugira hatangure gukoreshwa ubwo buhinga, mu ntumbero yo kwirinda amakosa asanzwe yibonekeza muri ico gikorwa.