Abasirikare batazwi igitigiri bari kumwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, bararungitswe mu bikorwa ku butaka bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kuva mu mwaka w’2021. Nk’uko biri mu matohoza y’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, abo barungikwayo ngo baba bagiye guhangana n’imirwi irwanya leta y’Uburundi. Ku bwa Carina Tertsakian, umushakashatsi muri IDHB, irungikwa ry’abasirikare b’Abarundi muri Congo hamwe n’Imbonerakure zijanwa mu bikorwa vya gisirikare, vyari bikwiye guhagarika umutima amakungu.
Amakuru
28 juillet 2022