Ubusuma buba mu buzi butandukanye bwa leta mu ntara buva ku bahabwa ubuzi kubera ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bataravye ubuntu bwabo canke ubushobozi bwabo muri ako kazi bagiye gukora. Ivyo bivugwa n’umuhari w’ibikorwa nkundagihugu, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu ashiriye ahabona inyifato itabereye hamwe n’ubusuma bukorwa na bamwe mu ndongozi z’igihugu. Akarorero ka hafi kakaba ari aka musitanteri wa Kiremba i Ngozi yagirizwa kugurisha amatungo ya komine hamwe na Buramatari w’intara ya Rumonge na we yagirijwe kudandaza ibitoro vyafashwe. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire, ivyo bitera akajagari mu burongozi bw’igihugu hamwe n’ingaruka bijana, izo na zo zikaba zaramaze no kwibonekeza, muri zo hakaba harimwo ubwo busuma n’abafashwe ntibakomwakomwe.
Amakuru
21 juillet 2022