Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana arenga 40 ni yo akora akwirikije amategeko y’ibanki nkuru y’igihugu, mu gihe iziharurwa muri 15 zikiri mu nzira yo kwimenyekanisha muri BRB. Mu ntumbero yo gufasha n’ayandi mashirahamwe kugira ashobore gukora yisunze amategeko, Prosper Ngendanganya, arongoye igisata co gucungera ibigo bidandaza amafaranga muri BRB, yaraye ahaye ikiringo c’ukwezi bene ayo mashirahamwe kugira abe yatanze intumbero y’ibikorwa vyayo bita Plans d’action. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa kane igihe hariko haraba inyigisho ku barongoye ayo mashirahamwe.
Amakuru
16 juillet 2022