Amakuru
13 juillet 2022

Nta ho vyakabonetse mu vy’intwaro, aho umukuru w’Igihugu ahangana na musitanteri ku vyo atakoze neza

Umukuru w’Igihugu arafise izindi nzego zimuha icegeranyo c’ibitakozwe neza na musitanteri imbere ko we nyene ahangana na musitanteri. Jerémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB), akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu yidogeye ko musitanteri wa komine ya Kiremba yanyuruje amatungo ya komine. Hari igihe umukuru w’Igihugu yari yagiye mu ntara ya Ngozi mu mpera z’indwi iheze, agiye gushikiriza buramatari mushasha. Ku bwa Jérémie Minani, ngo ivyo vyerekana ko hari ikibazo uhereye ku mushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu n’ibiro vya buramatari, ari bo bategerezwa kubona ikitagenda neza.