Kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu. Uwo munsi ugeze haharurwa mu Burundi ibice 40 % vy’abantu bafise ibibazo vyo gufungura, nk’uko ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro, ISTEEBU, giheruka kubimenyesha. Ku bwa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM), ngo Leta ikwiye kwihutira gushinga politike iraba ivy’abanyagihugu, aho Umurundi wese abona akarusho mu buryo bwo kwibeshaho.
Amakuru
12 juillet 2022