Amakuru
2 juillet 2022

Mu Burundi umukoloni yaragiye ariko n’abamusubiriye bigenza nka we

N’aho umukoloni yagiye, uno munsi Umurundi ntaco yaruhutse kuko yasubiriwe n’abakora nka we. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta. Akavuga ko inyuma y’imyaka 60 Uburundi bwikukiye, ivyiyumviro bikuru bikuru umuganwa Ludoviko Rwagasore yashira imbere bitigeze bikwirikizwa n’abamukoreye mu ngata.