Amakuru
2 juillet 2022

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye arashimishwa n’Abarundi bahunguka ku bwinshi

Mw’ijambo umukuru w’Igihugu Evaritse Ndayishimiye yaraye ashikirije mu gihe Uburundi bumaze imyaka mirongo itandatu bwikukiye, avuga ko ashimishwa no kubona Abarundi bahunze igihugu bariko batahuka ku bwinshi kandi bakirwa neza n’abasangwa. Akanavunira akagohe abari mu bisagara ata kazi bafise gusubira iwabo aho bamuka.