Amakuru
1 juillet 2022

Evariste Ndayishimiye akwiye kurwanya ukudahana nk’uko abivuga gusa bitaboneka mu bikorwa

Ukudahana mu Burundi ni kwo kuranga ubutegetsi bw’uno munsi na cane cane ku mabi atandukanye akorwa ku mvo za politike, bigakorwa na bamwe mu bajejwe intwaro hamwe n’Imbonerakure. Ivyo bikaba biraje ishinga ishirahamwe IDHB rikurikiranira ahafi agateka ka zina muntu mu Burundi, nk’uko biri mw’ikete iryo shirahamwe ryandikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, rikarishira ahabona kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Ruheshi 2022. Carina Tertsakian, umushakashakatsi mw’ishirahamwe IDHB, amenyesha ko hari uburorero 6 bwerekana ukwo kudahana kuri bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi harimwo kunyuruzwa canke kuborezwa igufa. Muri iryo kete, IDHB ikaba itera akamo umukuru w’Igihugu kugira abagirizwa ayo mabi bose bakubitwe intahe mu gahanga.