Biragoye kwizera ko amahoro ashobora kugaruka mu gihugu ca Congo mu gihe leta y’ico gihugu itaremera gushira mu ngiro amasezerano bagiranye n’umurwi witwaje ibirwanisho wa M23. Major Willy Ngoma, umuvugizi w’uwo muhari, akaba abivuze inyuma y’aho haheze amezi hafi 3 hasubiye kwaduka intambara mu buseruko bwa Congo. Iruhande yo kudashira mu ngiro ayo masezerano yo mu mwaka w’2013 yatereweko umukono i Nairobi, Majoro Ngoma yagiriza igisirikare ca Congo kuba caragiye kubatera ku birindiro vyabo mu misozi miremire. Avuga kandi ko abari inyuma y’iyo ntambara ari bamwe mu basirikare bo hejuru n’abanyepolitike kubera inyungu zabo n’aho bashaka kwagiriza ibindi bihugu ko ari vyo biyiri inyuma. Ku bwa M23, amahoro azokarukanwa no kuganira canke intambara ibandanye.
Amakuru
30 juin 2022