Amakuru
10 juin 2022

Abateshejwe izabo i Ryanyoni barabangamiwe n’Imbonerakure zo mu Giheta

Abateshejwe izabo baba muri site ya Ryanyoni muri zone ya Kabanga na komine ya Giheta bamirira kure iterabwoba bakorerwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwa komine kugira bakunde basubire ku mitumba bavuyeko. Nk’uko bamwe mu baba muri iyo site babivuga, urwaruka rw’Imbonerakure ni rwo rutumwa kuburagiza izo mpunzi ngo rubatere ubwoba mu kubabwira ko aho baba leta ihafitiye umugambi w’iterambere. Izo mpunzi zisaba ubushikiranganji bwo Gushigikirana kubavugira kugira bareke kuburagizwa.