Amashure shingiro hamwe n’ay’inyuma yayo yuguruwe hadakwirikijwe amategeko mu mwaka w’ishure w’2021-2022 abwirizwa gufutwa. Ivyo vyapfundikiwe mu Nama nshikiranganji yakoranye mu ndwi iheze. Ivyo bizotuma abanyeshure bahora biga muri ayo mashure barwa mu mporero. Ivyiyamirizwa na Libérat Ntibashirakandi, akwirikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi. Akavuga ko ari leta itegerezwa gukingira abo banyeshure mu kubaronderera ahandi biga bakwirikije ivyo bize mu mashure bahoramwo.
Amakuru
9 juin 2022