Umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira CVR nta kamaro ugifitiye abarundi kuko utagifise ihangiro wari ufise mu gushirwaho. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho uwo murwi usohoreye icegeranyo c’ivyo waranguye mu mwaka uheze w’2020. Akababazwa n’ukubona uwo murwi usigaye ukora wisunze politike y’umugambwe uri ku butegetsi mu gihe wategerezwa gukora wisunze amasezerano ya Arusha ari nayo yawushizeho. Akarorero atanga ni nk’igisata c’ubutungane cakuwemwo mu gihe cari categekanijwe n’ayo masezerano ya Arusha.
Amakuru
14 janvier 2021