Umurwi ujejwe gutegura ikibazo ca leta giha uburenganzira abanyeshure kuja mu gice ca kabiri c’ishure shingiro uremeza ko vyose biriko biragenda neza. Ariko rero, barafise ubwoba kubera ubukene bw’ibitoro bushobora gutuma ibibazo bidashikira amashure nk’uko uwo murwi ubitegekanya. Ukaba usaba abajejwe intwaro kugaba mu gufata ingingo zose zotuma ata cononekara mu nteguro. Ku mashure amwe amwe, abayobozi bakaba bemeza ko urutonde rw’ivyigwa rwakwirikijwe kandi rwaheze, ubu bakaba bariko barasubirirwamwo n’abarimu mu kurindira ku wa 31 Rusama, aho ikibazo kizotangurira.
Amakuru
25 mai 2022
