Amakuru
3 mai 2022

Ikiza ca Corona carasubije isi inyuma mu vy’ubutunzi, n’Uburundi burimwo

Umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi ngo ushitse Uburundi n’isi yose bibangamiwe n’ikiza ca Coronav’. Vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana aho yariko yipfuriza umunsi mukuru mwiza abakozi. Evariste Ndayishimiye yongeye amenyesha ko intambara hagati y’ibihugu iheza igahindura imibereho y’abantu n’uguhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu ntibishoboke.