Amakuru
27 avril 2022

Abarundi barasaba Evariste Ndayishimiye kwumva neza ibibazo vyabo akabitorera umuti

Imyaka 7 irarumanye hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Iyo myiyerekano yatanguye itariki 26 Ndamukiza mu 2015 yarabandanije kugeza aho Leta ikoresha inguvu zidasanzwe kugira iyituze. Igipolisi kikaba caciye gitangura kurasa, abantu amajana n’amajana baricwa, abandi barakomereka. Iryo tuzwa ry’imyiyerekano ryatumye abantu barenga ibihumbi amajana atanu bahunga igihugu. Mu gihugu amabi y’agahomerabunwa yaciye agwirirana, kugeza aho Uburundi buba igicibwa mu makungu. Ariko rero n’aho bimaze igihe, ayo mabi aracabandanya akorwa. Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC, avunira akagohe inzego z’igihugu, na cane cane umukuru w’Igihugu, ko ico Abarundi basaba ari uko botwarwa neza, agateka kabo kubahirijwe.