Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yasavye abarongoye Ekleziya katolica kuja baramuhanura mw’ibanga. Ngo kuko kubivugira ahabona bisa n’ukugumura abanyagihugu. Ivyo akaba yabishikirije ku munsi wa gatandatu mu gihe diyoseze nkuru ya Gitega yimika umwungere mushasha agiye kuyirongora. Evariste Ndayishimiye yongeye asaba abihebeye Imana bose gufasha mu bikorwa vy’ugusubiza hamwe, intwaro ibereye n’iterambere.
Amakuru
26 avril 2022
