Igisirikare kizokwikorwako bikenewe kigafasha no mw’iterambere (FRAD), hamwe n’Ikambi izoba ijejwe ibikorwa bidasanzwe (UOS), ni bishasha muri bimwe biri mu nteguro y’itegeko rigiye kugenga igisirikare c’Uburundi. Ikijanye n’igikorwa hamwe n’itunganywa ry’iyo mirwi mishasha y’igisirikare vyarateye amakenga abashingamateka. Hari kuri uyu wa mbere aho umushikiranganji w’Ukwivuna abansi yari yaje gusigura iryo tegeko imbere y’abashingamateka.
Amakuru
14 avril 2022