Amakuru
30 mars 2022

Gélase Ndabirabe akoresha imvugo igayitse, Ntahorwamiye bikamugora kuyisigura

Amajambo umukuru w’Inama nshingamateka amaze iminsi akoresha asa n’ayatorohera abantu gutahura, mbere n’abari mu ntwaro nabo nyene bagasa n’uko bibayobera. Akarorero ni umuvugizi wa leta, Prosper Ntahorwamiye. Igihe bari mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za leta ku wa gatanu uheruka, bamubajje ngo asigure ijambo « imizimu » Gélase Ndabirabe yakoresheje ariko avuga abatwara amapikipiki, ariko insiguro yaryo ikaba isa n’iyamugoye.