Amakuru
17 mars 2022

Ibiriko birahindurwa ku bakozi ba leta batagishijwe inama, nta ciza kizobaviramwo

kuzosubirira buke buke abakozi bo hejuru mu buzi bwa leta badakora akazi kabo neza. Vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Nayo umushikiranganji w’abakozi ba leta nawe, aherutse kumenyesha ko mu ntumbero yo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara mu bakozi ba leta, umukozi wese azotegerezwa gukora ivyo yigiye. Iryo hindagurika mu buzi bwa leta rikaba riteye amakenga uwabaye mu masendika y’abakozi Eulalie Nibizi. Amenyesha ko izo mpinduka zategerezwa gukorwa habaye ibiganiro bihuza abaserukira abakozi biciye mu masendika, abakoresha hamwe na leta. Ku bijanye n’uguhindura abakozi ba leta bakaja gukora mu vyo bize, uwo yahoze arongoye sendika STEB yibaza ko hakwiye kwisungwa ubushobozi n’uburambe mu kazi, atari uko ico gikorwa gishobora kuba impfagusa.