Amakuru
7 janvier 2021

Ibibazo bibandanya bigwirirana inyuma y’amatora mu gihugu ca Centrafrique

Ibibazo bibandanya bigwirirana inyuma y’amatora mu gihugu ca Centrafrique. Abenshi mu bitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bariko baranka ivyavuye muri ayo matora. Ku bwabo, harimwo n’uwahoze ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza Catherine Samba-Panza, ngo abanyagihugu batoye ntibari baserukiwe bikwiye mu matora. Kukaba nka kwo, igice c’ahari kubera ayo matora ntiyashoboye kuba, kubera umutekano muke.