Amakuru
4 mars 2022

Ibanki y’abakenyezi yaraye yuguruwe. Basabwa gukorera hamwe nko mu ma koperative

Abakenyezi b’Abarundikazi baronkejwe ibanki yabo. Yuguruwe icese ku munsi wa kane n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Iyo banki ifise intumbero nyamukuru yo guha uburyo abakenyezi kugira barangure imigambi yabo mu kubaha imitahe. Ivyo kugira bigende neza, umukuru w’Igihugu ahimiriza abakenyezi kuja hamwe.