Amakuru
9 février 2024

Indwara y’imibembe iravurwa igakira umuntu ayipimishije kare (A. Manirambona)

Indwara y’imibembe iracibonekeza mu Burundi. Bivugwa n’umuhanuzi mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu Adeline Manirambona. Hari ku munsi w’Imana uheruka aho hari haramutse hahimbazwa Umunsi mpuzamakungu wo kurwanya indwara y’imibembe. Yibutsa Abarundi ko kwipimisha kare igihe cose babonye ibimenyetso ku mubiri ari bwo buryo bwiza bwo kurwanya iyo ndwara.