Amakuru
9 février 2024

Amashirahamwe akorera mu gisata co kurwanya Malaria abwirizwa kugira urunani

Ubuke bw’amashirahamwe afasha mu guhimiriza kurwanya Malariya hamwe no kubura ibiharuro kugira ngo hafatwe ingingo biri mu bituma indwara ya Malariya idatuzwa mu Burundi. Bivugwa na Dr Louise Mahan, umuhanuzi mu vyo kurwanya Malariya mw’ishirahamwe rya USAID rijejwe iterambere. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kkuri uyu wa kane itariki 8 Ruhuhuma.